Inyuma yaho igisirikare c-u Rwanda kimenyeshereje ko mw-ijoro ryo kuwa 23 rishira iryo kuwa 24 Rusama uy-umwaka catewe mu nyuma kikivuna bamwe mu barwanyi b-umuhari FLN bari bateye mu kirwati ca Rwamisave ko kandi abo bari bahejeje kugira ico gitero bari bavuye bongera basubira mu gihugu c-uburundi neza na neza mw-ishamba rya kibira riri mu ntara ya Cibitoke, Igisirikare c-uburundi kibicishije k-umuvugizi waco naco nticatevye kugira ico kivuga ku makuru yatangajwe n-igisoda c-u Rwanda ko abakoze igitero co mw-ijoro ryo kuw-Imana baturutse bongera basubira I Burundi aho cahakanye kirarengwa ayo makuru ko ata murwi w-inkozi z-ikibi zavuye mu gihugu c-uburundi zija gutera mu gihugu kibanyi c-u Rwanda.
Kubwa Colonel Philbert Biyereke , umuvugizi w-igisirikare c-uburundi arongera arahakana ko ata murwi n-umwe w-inkozi zikibi uri k-ubutaka bw-uburundi ufise umugambi mubi wo gutera igihugu c-u Rwanda. Mw-iryo tangazo rirangiza rivuga ko abasirikare b-uburundi bari k-urubibe uburundi busangiye n-igihugu c-urwanda bama bariko barakizura kugira bacungere neza umutekano aho k-urubibe rw-ivyo bihugu bibiri.
.





Recent Comments