UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umuyobozi mukuru wa SOSUMO avuga ko kuba abantu bararwiriye hamwe n’abadandaza bikinga mu kiza biri mu bituma iryo shirahamwe ridashobora gutorera umuti ikibazo c’ikena ry’isukari.

UBM News ads

Ihinguriro rya SOSUMO ngo ni rito arivyo vyoba bituma ritagishobora kwimbura isukari ikenewe mu gihugu kubera irwirirana ry’abantu hamwe n’abadandaza biking mu kiza. Ivyo biri mu bituma iryo shirahamwe ridashobora gutora umuti ku kibazo c’isukari kimaze igihe mu Burundi. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane n’umuyobozi mukuru w’iryo hinguriro Gen.Major Aloys Ndayikengurukiye.

«Inyishu kw’iki kibazo c’isukari, inyishu yambere irama ni uko dutegerezwa kurwiza umwimbu kugira dushobore kwimbura isukari ishobora gukwira abenegihugu mbere tukanaronka umusesekara wo gushora hanze.(…)Turipfuza ko yoba ari SOSUMO ishobora kuba ihiingura isukari ikwiye abenegihugu kandi igashobora kuronka n’umusesekara. Ibiharuro vya mbere tumaze kugira turabona ko turavye irwirirana ry’abantu , bizosaba ko mu 2040 tuzoba dufise nk’amahinguriro yoshobora guhingura ku rugero rushika amatoni ibihumbi 150 aho niho tuzoba dushoboye gukora ivyo abenegihugu bashoboye ndetse hanaboneke n’umusesekara wo gushora hanze» Niko umuyobozi mukuru wa SOSUMO yavuze.

Gen.Major Aloys Ndayikengurukiye akaba kandi yamenyesheje ko hariho umugambi wo kwagura iryo hinguriro hamwe rero no gusubiramwo ukwo isukari itangwa kugira iyibonetse yose mw’iryo hinguriro ishobore gushikira abanyagihugu bose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments