UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ububirigi buremeza abakinyi cumi b’uburundi ba Handball bari baburiwe irengero muri Croatie ,ko basavye ubuhungiro mw’ico gihugu.

UBM News ads

Igihugu c’ububirigi kiremeza ko bamwe mu bakinyi b’abarundi ba Hand-ball bari baburiwe irengero mu gihugu ca Croatie, ko basavye ubuhungiro mw’ico gihugu. Ico gihugu kikamenyesha ko baca bahabwa ubuhungiro kuko abo bakinyi bose bafatwa nk’abana batarenza imyaka 18.

Umunyamabanga wa Leta ajejwe ubuhungiro n’abimukira mu bubiligi Nicole De door, aremeza ko abarundi bagera kuri 10 bamaze gusaba ubuhungiro muri ico gihugu. Akamenyesha ko mu bisanzwe botegerejwe guca basubizwa muri Croatie kuko ariyo yabahaye Visa, ariko akemeza ko atabundi biri bugende baca bahabwa ubuhungiro n’uubirigi kuko ngo bose ari abana batarenza imyaka 18.

Tubibutse ko hari haciye imisi, Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu wa Hand-ball ugiye mu gikombe c’isi cabereye muri Croatie . Inyuma yo gukina inkino za mbere, abagera kuri 10 bahavuye batungwa n’ayo bameze maze igipolisi ca croatie kitangura kubahiga ariko nticabatoye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments