Abagize inama nshingamateka ya Uganda berekana ko bafise impungenge n’amakenga bifatiye ku bushakashatsi buheruka kugaragaza ko hari aborozi bo mw’ico gihugu baha ibitungwa vyabo nk’ingurube n’inkoko imiti igabanya ubukare bwa SIDA bagamije ko inyama z’ivyo bitungwa zoduza ibiro ni ngoga ndetse ntibirware kenshi.
Ubwo busesanguzi bwatanguye gukorwa n’umurwi ushinzwe kurwanya ikiza ca SIDA mu nama nshingamateka ya Uganda, Ni inyuma yaho kaminuza ya Makerere ishiriye ahabona ubushakashatsi bwerekana ko iyo miti igabanya ubukare bwa SIDA yagiye irahabwa ivyo bitungwa.
Ubushakashatsi bwakozwe n’igisata ca kaminuza ya Makerere cigisha ibijanye n’ubuvuzi n’amagara y’abantu mu gace ka Lira, bwagaragaje ko mu nyama z’inkoko zagiye zipimwa mu masoko atandukanye, izigera kuri 33,3% zahawe imiti igabanya ubukare bwa SIDA. Ku ngurube nazo, ivyo biharuro vyaraduze bigera kuri 50%.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC avuga ko zimwe mu mvo zituma aborozi baha ivyo bitungwa iyo miti, harimwo ugushaka kubivyibusha vyihuta hamwe no kubivura indwara zitandukanye naho hari imiti isanzwe yarabigenewe.
Bamwe mu bashingamateka ba Uganda bafise amakenga ko Ivyo bishobora gutuma abasanzwe bafasha mu gutanga imiti irwanya ikiza ca SIDA bashobora gucika integer inyuma yo kwumva ko aho kuyiha abarwayi ihabwa ibitungwa.
Recent Comments