Umuyobozi mukuru mushasha wa Regideso yafashe ubusuma bw’amatara mu Kamenge

0

Dr-Ir Major Jean Albert Manigomba, umuyobozi mukuru mushasha w’ishirahamwe REGIDESO ritanga amatara n’amazi m’Uburundi yishikiye muri zone Kamenge karitiye Kavumu aho hari hafashwe ubusuma bw’ama unité yo kuronka amatara. Amafaranga angana imiliyoni 25 y’amarundi akaba ari yaramaze kudandazwa n’ishirahamwe Lumitel biciye mw’ishirahamwe Cashpower. Ivyo navyo bikaba vyarahagaritswe n’’iryo shirahamwe rya REGIDESO biciye mu nama nshikiranganji yabaye mu mpera z’umwaka wa 2020.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO akaba yamenyesheje ko agaye iyo ngendo yo guhombesha iryo shirahamwe rikenerwa na bose.  Dr-Ir Major Jean Albert Manigomba akaba yamenyesheje ko ubusuma bugiye kurwanya akaba yasavye abanyakamenge kumufasha kubugwanya. Mwomenya ko hari ibice vyinshi vyo mu gisagara ca Bujumbura bitagira amatara, amazi nayo akaza bwije mw’ijoro.