Menya vyinshi utari uzi kuri Révérien Ndikuriyo yatowe kuba umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD

0

Révérien Ndikuriyo yatowe kuba umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD kuri uyu musi wa mungu mu ntara ya Gitega inyuma y’amasengesho yari amaze imisi itatu muri iyo ntara nyene ariwo murwa mukuru wa politike.

Ariko rero hariho bamwe bamwe batazi ibintu bimwe vyaranze Révérien Ndikuriyo vyaba vyiza canke bibi.

Ica mbere, nuko naho Reverien Ndikuriye yatowe ngo arongore umugambwe CNDD-FDD, hariho ibicocoro muri uwo mugambwe batamuhurizako, aho twovuga nk’umushikiraganji wa mbere, atitavye igikorane c’amasenegsho yari amaze imisi itatu abera mu ntara ya Gitega, kumbure kandi akaba atitavye itorwa rya Reverien Ndikuriyo.

Ibindi womenya kuri Reverien Ndikuriyo ni uko yahoze afata intambwe ya mbere mu bikorwa vyo kuja guhimiriza impunzi z’abarundi zari zahunze intambara yo 1993 bari mu makambi y’impunzi nka Tanzania kugira zihunguke canke mbere zihungurwe zitabishaka.

Reverien Ndikuriyo kandi arazwi ko ari umugabo atarya umunwa muri CNDD-FDD. Bmawe mu bicocoro muri CNDD-FDD bakaba kumbure babona uko Ndikuriyo avuga atiyubara cane vyohava bishikana umugambwe kure.

Abatari bake muribuka ko mu misi yahera yafashwe amajwi aho yahimiriza abanyamugambwe nka we ko ‘bokora cane’ kugira biyamirize abatavuga rumwe na reta mu mwaka wa 2015. Akaba ariho yahavuye atazirwa izina na bamwe bamwe ‘Kora’.

Mu misi kandi yahera akaba kandi yarafashwe amajwi aho yatanga amahera ashika ku 2500 $(arenga imiliyoni indwi z’amarundi) ku muntu yokwishe uwahoze mu gisirikare ca kera yiswe kaburimbo. Uwo Kaburimbo yahavuye aburirwa irengero inyuma yaho ayo majwi agiriye ahabona.

Ndikuriyo kandi arazwi ko akunda ibikorwa biteza imbere igihugu c’Uburundi nko mu kunagura umupira w’amaguru mu Burundi, ukuntu yubatse ikibuga c’umupira kigezweho mu ntara avukamwo ya Makamba.

Mweho Reverien Ndikuriyo mu muzi ku bikorwa ivyahe?