Umupfakazi Christa Kaneza yarasubijwe mu Mpimba agire asohorwe

0

Bivuye ku majwi menshi ariko arasemerera kuyo mupfakazi w’imyaka 18 yorekurwa akaja kwonsa ikibondo ciwe c’amezi abiri, Christa Kaneza yarasohowe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kur’uyu wa mbere azi kwatashe ariko kubera itegeko rivuye hejuru umushikirizamanza wa sentare nkuru ya Muha akaba yaciye amusubiza mw’ibohero rya Mpimba kumugoroba.

Amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi amenyesha ko abantu benshi harimwo abapfasoni b’abakuru b’igihugu c’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo m’Uburundi, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu akaba yiriwe arasaba abegereye Umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye, ko uyo mupfakazi yorekurwa atogira kubura umugabo wiwe no gufungwa .

Umukuru w’igihugu arikumwe n’abajejwe Ubutungane boba barihweje iyo dosiye ya Christa Kaneza basanga harimwo ibidatahuritse vyinshi niko gutanga itegeko ko yorekurwa ariko ibihangange bimwe biri kubutegetsi bikaba vyaranse ko uyo mupfakazi asohoka ibohero kumvo zitamenyekanye.