Umuvyeyi wa Paul KAGAME yasezeye isi

0

Umuvyeyi wa Paul KAGAME umukuru w’igihugu c’Urwanda, ariwe Asteria Rutagambwa yasezeye isi. Nyina wa Paul KAGAME yahitanwe n’ingwara kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2015, mu bitaro vyitiriwe umwami Faycal, aho yariko aravurirwa.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Paul KAGAME umukuru w’igihugu c’Urwanda yamenyesheje ko uwo muvyeyi yabuze yamufata nk’umuntu adasanzwe kuri we. Abategetsi batandukanye yaba abo mu Rwanda canke mu bindi bihugu babandanya kurungika ubutumwa bw’uguhoza Paul KAGAME yabuze umuvyeyi.

condo

ub1

ub2

ub3