Abantu bane bishwe, ibisasu bitatu navyo biterwa i Bujumbura

0

Ibisasu bitatu vya Muzinga vyumvikanye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana mu gisagara ca Bujumbura. Kimwe cumvikaniye ku kigo ndangakaranga c’i Bujumbura (Musée Vivant), ica kabiri kirwa ahakorera ishirahamwe REGIDESO, ica gatatu cumvikanira ahari ubuhinga bw’ivyuma bw’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (Antenne de la RTNB‬) muri karitiye ya Asiatique.

Kuva ivyo bisasu vyumvikanye, igiporisi kirongowe na Désiré UWAMAHORO caciye kihashika, abantu bari mu micungararo barafatwa ku bwinshi. Ivyononywe n’ivyo bisasu ntibiramenyekana, ikinyamakuru UBM News kikaba kikiriko kirabitohoza, turabibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubamenyeshe ko mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu umutekano wahungabanye mu gisagara ca Bujumbura, muma karitiye ya Ngagara, Kanyosha, Musaga‬, Bwiza‬ na Jabe. Umutekano warahungabanye muri utwo turere, ahumvikanye amasasu menshi cane n’amagerenade. Abantu bane nibo bamaze kumenyekana ko bagandaguwe n’abaporisi, abandi benshi barahagarikwa, cane cane abari mu bunywero bita kwa MASUGURU buri mu Ngagara karitiye ya kane.
autre

vr