Igiporisi c’Uburundi cemeza ko carasanye n’abagizi ba nabi mu Ngagara

0

Mu gihe abanyagihugu bo mu Ngagara bagiriza igiporisi c’Uburundi ko carashe abantu bari mu bunywero kuri uwu wa gatandatu, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bariko barondera abicanyi bariko bagira inama mu bunywero bita kwa MASUGURU buri muri karitiye ya 4 mu Ngagara.

Abanyeshure bahoze biga kuri Lycée de la Dignité yo mu Ngagara bariko bagira inama y’ugutegura ubugeni bwa mugenzi wabo, aho baca babona imodoka izanye abaporisi benshi. Haheze akanya gato, urwamo rw’amagerenade rwaciye rutangura kwumvikana, hamwe n’amasasu menshi. Abaporisi barinjiye muri ubwo bunywero, bafata urwaruka rwose rwari muri ubwo bunywero.

Moïse Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko habaye ukurasana hagati y’abaporisi na bamwe mu bantu bari muri ubwo bunywero, akabagiriza ko bari bafise ibirwanisho, kandi ko bari mu nama y’uguhungabanya umutekano.

mois

Abanyagihugu bo mu Ngagara bariyamiriza ivyo bishikirizwa n’igiporisi c’Uburundi, bakavuga ko bidashoboka ko inama y’uguhungabanya umutekano yobera mu bunywero ku murango izuba ryaka, kandi ko bitoshoboka ingene bokwinjirana ibirwanisho muri ubwo bunywero bwugururiye abantu benshi bava mu mihingo itandukanye.

Abantu batatu nibo bishwe aho mu Ngagara, Térence Nsabimana yakora mu nzu y’ubudandaji, Fulgence Bwankoko yakora mw’ibanki BANCOBU, hamwe n’ikindi kiziga c’umuntu umwe kitamenyekanye.

Abagera kuri 22 barimwo n’abo banyeshure bo kuri Lycée de la Dignité yo mu Ngagara bariko bagira inama y’ugutegura ubugeni bwa mugenzi wabo, bumvirijwe ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, baca batwarwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho baraye ijoro rya mbere.