Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 12 mu bagize igitero bishwe, 20 nabo barafatwa.

0

Amakambi ya Ngagara, Base n’ishure kaminuza ry’intwazangabo ISCAM ni yo yatewe mu mutwenzi n’abantu bataramenyekana.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Col Gaspard Baratuza avugira kuri radio y’igihugu RTNB, amenyesheje ko abateye 12 bitavye Imana, 20 barafatwa n’umwe yakomeretse, no mu gisirikare ngo hari batanu bakometse.

Hari inkuru zivuga ko ikibuga c’indege ca Bujumbura cugaye, ko kuva mu gitondo ata ndege n’imwe irahagwa.

Uwurongoye ikibuga c’indege ca Bujumbura, Emmanuel Habimana arahakana izo nkuru, akavuga ko gusa kubera izo ntambara zabaye mu bucagucagu, amwe mu mashirahamwe y’indege yari kuza mu gitondo, yashimye kuba arabangiriye.