Breaking News :Umuvugizi wa UPD zigamibanga yaraye agandaguwe n’abantu bataramenyekana.

0

Umuvugizi W’umugambwe UPD zigamibanga Patrice Gahungu yaraye agandaguwe n’abantu bataramenyekana nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera i Radio na Télévision Rénaissance abivuga,Bakavuga ko Patrice Gahungu yoba yagandaguwe n’abantu bari mu muduga.
10
Tubibutseko itariki 1 ukwezi kwa Mukakaro mu mwaka wa 2010 ari itariki ntibagiranwa mu muryango wa Patrice Gahungu aho ico gihe yafatwa n’abakozi bo mw’ipererza arahohoterwa aho ndetse yanakubaguwe cane.
Imana imwakire mu bwami bwayo.