Friday, December 2, 2022
HomeNewsUmuvuduko udasanzwe w-ikiza ca Covid19 i Bujumbura, Abaganga baratabaza.

Umuvuduko udasanzwe w-ikiza ca Covid19 i Bujumbura, Abaganga baratabaza.

Naho hadasiba kufatwa ingingo zo kwingira ikiza  ca Covid19 mu Burundi, Mu gisagara ca Bujumbura ico kiza cazananye umuvuduko utarumenyerewe nk-uko tubimenyeshwa n-abavura bo ku bitaro bitatu vya Leta biri mu gisagara ca Bujumbura.Burundi/Covid-19 : Décès de la personne testée positive hospitalisée à Kira suite à d’autres pathologies

ˮNukuri nukuri twarengewe n-ibitigiri tufise vy-abarwaye covid19 aho ibibanza vyabagenewe vyose vyuzuye eka ndetse n-impfu zabaye nyinshi biboneka ko ico kiza kiriko kiratongora nk-akarorero nk-uno musi hari umu chauffeur wo muri ONG bahamvye niyo yamwishe,mubapfuye uno musi harimwo umu professeur kandi abo bose basize utwana tukiri duto aho nsi mvuze abapfuye mu ndwi iheze.‟bivurwa n-umwe asanzwe akorera muri bimwe mu bitaro vya Leta bikorera mu gisagara ca Bujumbura atashimye ko tumuvuga izina.

Abaganga bati vyaduteye ubwoba ivy-iyi covid19.

Kubw-amakuru aturuka mu bitaro bitatu= ivy-abasirikare mu kamenge, ivyitiriwe umwami Khaled  hamwe n-ivyitiriwe umuganwa Karori biri mu Buyenzi yemeza ko abakorera mw-ivyo bitaro mu kuvura abarwayi abatari bake bafise uwo mugera wa Covid19 ndetse ko hari n-umuganga yarakomeye muvyo kuvura muri bimwe mw-ivyo bitaro aheruka kwita Imana biranemezwa n-abagenziwe ko ari Covid19 yamuhitanye naho bitemejwe n-abajejwe ubushikiranganji bw-amagara y-abantu.

Uwundi yaduhaye inkuru akorera mu bitaro vy-abasirikare mu Kamenge yatubwiye uku=

ˮNko ngaha iwacu muri Hopital Militaire hariho umu mama yakorera muri maternite ubu araryamye ariko aravurwa,  hariho uwundi umu Anesthesiste no kuremba wewe araremvye hariho abandi bagera kuri batatu bayipimwe abo rero n-abo tuzi neza kuko bikorwa mw-ibanga ntangere ntibigomba kumenyekana‟

Abaganga bakorera mw-ivyo bitaro barasaba ko Leta ihindura  iyindi imikenyuro  mukurwanya ico kiza kuko coco caje cazikenyeye ndetse hashobora kutikira inganda nyishi baravye urugero rw-abapfa ku musi ukwo rungana. Ndetse bakanakebura Leta ko itoza iragira ibanga kuvyerekeye amakuru y-ico kiza kuko nakare ngo uwuja gukira indwara arayirata.

 

 

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...