Tanzaniya yamirira kure icegeranyo c-abahinga ba ONU kiyagiriza ko itoteza impunzi z-abarundi.

0

Leta ya Tanzaniya ibicishije k-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yagize ico ishikiriza ku cegeranyo c-abahinga ba ONU bajejejwe ivy-agatekazina muntu aho bagiriza ico gihugu hamwe n-igihugu c-uburundi bitoteza bikongera bigahungura impunzi z-abarundi ku nguvu.La Tanzanie veut rapatrier tous les réfugiés burundais à partir du 1er  octobre

Kubwa Georges SIMBACHAWENE ,umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya yabwiye iradiyo y-abongereza BBC ko ico cegeranyo c-abahinga ba ONU ari ikinyoma ceruye ko ndetse ari ukwambika iceyi igihugu ca Tanzaniya.  Akabandanya amenyesha ko impunzi zitaha iwabo aruko zivyishakiye at-agahato ndetse  akabandanya amenyesha ko ingene umugambi uteguwe na Reta ya Tanzaniya ifadikanije na HCR hamwe na OIM ar-ukwo impunzi ziyandikisha , zigahabwa umusi wo guhunguka hanyuma zikaronka n-uburyo butangwa n-ay-amashirahamwe nyene  afasha impunzi.

Ku kibazo cerekeye ko impunzi z-abarundi zikorerwa amabi atandukanye mw-ico gihugu, umushikirangi SIMBACHAWENE arabihakana avuga ahubwo ko ari impunzi ziba mu makambi bidaciye mu mategeko maze zagira ibibazo iyo ziri ngo zigaca zivuga ko zanyurujwe canke zakorewe ibindi vyaha bikabije. Uwo mushikiranganjinji arahakana  ko atacuka kibi kihari ko amakambi  yose atekanye ubuzima bubandanya ibisanzwe ko utubazo tuba ari udusanzwe kandi ko ibiba mu makambi  biba n-ahandi hose mu gihugu atari mu makambi y-impunzi.

Tubamenyeshe ko Abahinga ba ONU bajejwe agateka ka zina muntu baheruka gusohora raporo yerekana ko ibihugu vya Tanzaniya n-uburundi biri nyuma y-itotezwa ry-impunzi z-abarundi ziguma zikorerwa ndetse bakaba basavye ivyo bihugu kwari bibiri kwubahiriza uburenganzira  bw-abasavye indaro mw-ico gihugu ca Tanzaniya.