Umutekano wa Agathon Rwasa urabangamiwe , ubu ngwaheruka guhakwa kwicwa ariko ngo ntazokwigera ahunga.

0

Agathon Rwasa iyo ari murugendo gwakazi nkuko tubimenyeshwa nibiro vyinama nshingamateka ,Ubu akaba ari muri Afrika yepfo mwiki gihe ,yaraye atanze ikiganiro kukinyamakuru congaho nyene muri Afrika yepfo citwa Reuters.com !

rwasa

Agathon Rwasa ati : Maze guhakwa kwicwa incuro nyinshi ,umusi wanyuma ,haruwamburiye ko hari imodoka yomubwoko bwa pick up irimwo abantu bafise ibigwanisho baje bafise umugambi wokunyica ! Ati nanje maze kubimenya naciye mpindura inzira bari bazi ko ariyo naciyemwo ,Inca ahandi hantu ,gutyo imba ndarusimvye !

Kubwa Agathon Rwasa ,ubwoba bwo ntibubuze kubuzima bwiwe kuva yaho Nkurunziza ahitiyemwo guhungabanya umutekano wigihugu mukwiyemeza kwitoza ubugira gatatu ! Ati burigihe nama mpindura inzira muburyo butitezwe kugira NGO imbe ndamara kabiri ! Inzira imba nateguye gucamwo ,kenshi na kenshi ndayihindura kumpamvu zumutekano wanje!

Agathon Rwasa

“Ndabizi ko ndonderwa nabantu benshi ,sinzi uwushobora kungandagura ubwambere, ndizeye ko uwuzobigerageza wese azoza arasanga yagandaguye uwundi atari jewe !”Agathon Rwasa yarongeye ati ” Sinshobora guhunga kuko mfise umuryango wanje I Burundi ,sinovyemeza ko nshobora gusaba ubuhungiro ngaha nyene muri Afrika yepfo naho umutekano wanje cokimwe nabandi barundi Bose ubangamiwe”!

Amakuru akaba yatororokanijwe na Wendell Roelf,umumenyesha amakuru wa Reuters ,muri Afrika yepfo!

rwasa

Agathon Rwasa akaba yabwirizwa kugaruka munama yabereye muri South Afrika kumusi wejo itariki 29 -11 -2015 ! Abatari bake na cane cane abayoboke biwe bakaba biteze ko Rwasa abwirizwa kumenyesha ivyo bamuvugako ,kuko NGO ivyanditswe kenshi baba bamuvugiye !