Bubanza : Umuporisi yahaswe kugandagura umutama w’imyaka 67

0

Umutama y’imyaka 67 yaraye ahatswe kugandagurwa n’umuporisi w’umubanyi wiwe, akoresheje umupanga, akaba amwagiriza ko ari umurozi.

Leonidas BIVUGIRE asanzwe aba muri komine Bubanza niwe yagira agandagurwe, yagirijwe n’uwo muporisi ko amaze kumwicira abana babiri harimwo n’uwitavye Imana kuri uwu wa kane.

Uwo muporisi yamusanze mu nzu iwe, aho asanzwe yibana wenyene ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, yinjira mu nzu yitwaje umupanga aca atangura kumutemagura.

Uwo muporisi aravyemera ko yatemaguye Leonidas BIVUGIRE, akavuga ko yamwagirije ko ari umurozi, amaze kumwicira abana babiri.

Leonidas BIVUGIRE arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ahubwo ko uwo muporisi yamuhoye ideni ry’ibihumbi mirongo ine asanzwe amufitiye.

Kubw’uwo yahaswe kugandagurwa, ntiyumva ingene yokwagirizwa uburozi mu gihe nawe nyene amaze kubura abana umunani bose, hamwe n’umugore wiwe.

Abajejwe intwaro muri komine Bubanza bamenyesha ko bagiye kugirisha inama y’uguhumuriza abanyagihugu kuri uwu wa mbere. Abategetsi ba komine Bubanza baragabisha kandi abagiriza uburozi abandi, mu gihe ata vyemeza berekanye.