Mu rwandiko yasohoye kuri uyu w’Imana, Umushikirizamanza kizigenza yatangaje ko Alain-Guillaume Bunyoni yafashwe ko ubu ari mu minwe y’igipolisi. Hoba hari impari n’ukutumvikana hagati mu bihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD ku bijanye n’uko Bunyoni yoshengezwa mu butungane canke akidegemvya.
Mw’iryo tangazo, Sylvestre Nyandwi avuga ko Alain-Guillaume Bunyoni yafatiwe ahitwa I Nyamuzi muri zone Mubone , muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura-Rural hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2023. Uwo mushikirizamanza kizigenza wa Republika akaba amenyesha kandi ko ivyavuye mw’isakwa ryakozwe kuwa 17 Ndamukiza ndetse n’ibindi bimenyetso bigaragaza ivyaha Bunyoni yoba yarakoze bikiriko biregeranywa kugira azoshikirizwe umushikirizamanza wa Republika maze afate ingingo yisunze amategeko.
Amakuru adushikira ava mu mugambwe CNDD-FDD, nuko hoba hadutse icuka no kutumvikana hagati ya bimwe mu bihangange vy’abasirikare n’abapolisi bakomoka mw’uwo mugambwe. Uruhande rumwe rushigikiye Perezida Varisito Ndayishimiye rushaka ko Bunyoni apfungwa kuko ngo vyagaragaye ko atubaha umukuru w’igihugu ndetse ko agatima ko kumuhirika ku butegetsi yakagumanye. Urundi ruhande kubw’ayo makuru, ngo ntirwerekwa ivy’uko uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ashengezwa mu butungane maze agapfungwa kuko ngo Bunyoni bazoguma bamufata nk’intwari bafashanije kurwana ku rugamba rwo guhabuza intwaro ya demokarasi hari mu mwaka w’1994 gushika 2003.