Umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH umenyesha ko wagendeye ahapfungiwe Alain-Guillaume Bunyoni maze uwo murwi ugasanga Bunyoni amerewe neza.
Mw’itangazo uwo murwi wasohoye kuri uyu wa gatandatu ubicishije ku rubuga rwabo rwa Twitter, CNIDH imenyesha kandi Alain-Guillaume Bunyoni atigeze atotezwa kuva agihagarikwa ko kandi n’umuryango wiwe wamaze kumenyeshwa ivy’uwabo.
CNIDH ibitangaje mu gihe hari amakuru atandukanye n’igipfungu cinshi ku bijanye aho Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yoba ari iki gihe inyuma y’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atangarije kuri uyu wa gatatu w’indwi turiko tusozera ko Bunyoni yagiye kuronderwa iwe ariko baramubura kubera ko ubutungane harivyo bushaka kumugirako amatohoza.