Thursday, June 8, 2023
HomeNewsCNIDH iremeza ko Bunyoni apfunzwe ndetse ko yanamugendeye igasanga ntiyigeze ahohoterwa.

CNIDH iremeza ko Bunyoni apfunzwe ndetse ko yanamugendeye igasanga ntiyigeze ahohoterwa.

Umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH umenyesha ko wagendeye ahapfungiwe Alain-Guillaume Bunyoni maze uwo murwi ugasanga Bunyoni amerewe neza.

Mw’itangazo uwo murwi wasohoye kuri uyu wa gatandatu ubicishije ku rubuga rwabo rwa Twitter, CNIDH imenyesha kandi Alain-Guillaume Bunyoni atigeze atotezwa kuva agihagarikwa ko kandi n’umuryango wiwe wamaze kumenyeshwa ivy’uwabo.

CNIDH ibitangaje mu gihe hari amakuru atandukanye n’igipfungu cinshi ku bijanye aho Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yoba ari iki gihe inyuma y’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atangarije kuri uyu wa gatatu w’indwi turiko tusozera ko Bunyoni yagiye kuronderwa iwe ariko baramubura kubera ko ubutungane harivyo bushaka kumugirako amatohoza.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...