Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBunyoni yagirizwa ivyaha vyo Guhungabanya umutekano w’igihugu, ubutunzi bw’igihugu hamwe n’inyungu z’akazi...

Bunyoni yagirizwa ivyaha vyo Guhungabanya umutekano w’igihugu, ubutunzi bw’igihugu hamwe n’inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yagirizwa ivyaha bitatu. Ivyo navyo ababa ari uguhungabanya umutekano w’igihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu . Ikindi yagirizwa ni ikijanye n’inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko.

Vyatangajwe kuri uyu wa mbere n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa , Agnes Bangiricenge hari mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cabereye mu ntara ya Cibitoke. Bangiricenge amenyesha kandi ko Alain-Guillaume Bunyoni apfungiwe muri iki gihe mu rwego rw’iperereza kandi ko umuryango wiwe utararonka uruhusha rwo kumubona ariko ngo vuba uzoba ufise uburenganzira bwo kumubona.

Tubamenyeshe ko Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yahagaritswe kuwa 21 Ndamukiza 2023 . Akaba yafatiwe aho yari yinyegeje I Nyamuzi muri zone Mubone , komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura, benshi bita Bujumbura-rural.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...