Umuvugizi w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Phénias Nigaba asaba umukuru w’igihugu kubogoza umushikiranganji w’ubudandandanji hamwe n’uwurongoye ikigo BBN kuko batashoboye gukora ivyo bajejwe mu kwemerera ikinyobwa saporo kudadanzwa ku mugaragaro kandi conona amagara y’abantu.Ibi bikaba biri mw’itangazo ry’umugambwe Sahwanya Frodebu basohoye ku musi w’ejo.

Inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atangarije ko ikinyobwa Saporo gisibije amagara y’abantu mbere akagirako asaba ko nimba hoboneka buramataari yiyemera yohaguruka agahagarika ikinyobwa saporo mu ntara arongoye,Ba buramatari batari bake baciye baharuka barahagarika ico kidandanzwa mu ntara barongoye.aha twovuga intara ya Kirundo,Mwaro,Makamba hamwe n’igisagara ca Bujumbura eka mbere n’uwurongoye ikigo BBN gisuzuma ubuziranenge bw’ibidandanzwa nticatevye guhagarika urudandanzwa rw’ikinyobwa saporo.
Ibi bikaba vyatumye umugambwe Sahwanya Frodebu usohoro itangazo ku musi w’ejo aho usaba umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye kubogoza umushikiranganji w’ubudandanji hamwe n’uwurongoye ikigo BBN kubogozwa kuko batashooye gukora ivyo bajejwe.
Umugambwe Sahwanya Frodebu uranegura ikigo kijejwe ubuziranenge BBN kuko kitashoboye gukora ivyo kijejwe kigatanga uruhusha kw’ihinguriro rikora ivyo binyobwa hama bagakora ibinyuranye n’ivyo basabiye uruhusha hama ico kigo nyene kikaza kwikangura ari uko umukuru w’igihugu afatiye ingingo yo guhagarika ikinyobwa saporo.kubw’ivyo Ihinguriro rikora ibinyobwa saporo rikwiye gucibwa ihadabu kuko ryakoze ibinyuranye n’amategeko.
Umugambwe sahwanya Fodebu unegura kandi umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandanji bwaretse ico kinyobwa kigashirwa mu bidandazwa mu gihugu kandi ari ikinyobwa conona amagara y’abantu ntibufate ingingo n’imwe mu gukingira abanyagihugu.
Umugambwe Sahwanya Frodebu urangiza usaba umukuru w’igihugu kuraba neza abamuri impande ko ivyo abatuma babikora nkuko abishaka hama ababikora ukutariko akababogoza.





Recent Comments