UBM News ads

Ubutare sibwo bubuze mu Burundi habuze intwaro nziza-Gabriel Rufyiri

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye ishirahamwe Olucom Gabriel Rufyiri avuga ko hatabuze ubutare bwoteza imbere abarundi ariko ikibazo n’intwaro mbi,ubukunzi bw’inda,kubura intwaro imurikira bose hamwe n’inigiturire nivyo nkomoko y’ubukene buri mu Burundi.Ibi Abishikirije inyuma yahoo hatorewe ubutare bwa cassiterite mu ntara ya Kirundo.


Inyuma yaho hatorewe ubutare bwa casserite na coltan mu ntara ya kirundo bungana n’amatoni 12.700.000 abatari bake bavyumvise baranezerewe bibaza ko kumbure ibihe bigeye guhinduka mu Burundi ubwo butare bugateza imbere uburundi.ivyo n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye akaba yarishimye cane akaba yavuze ko uburundi bugiye gukira mbere bagafsha n’ibindi bihugu.

Muri Olucom hoho siko babibona,Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucom ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta avuga ko ikibuze mu Burundi Atari ubutare ahubwo ikibazo kihari n’intwaro mbi,kwikunda hamwe n’ibiturire.ivyo nivyo nkomoko y’ubukene buri mu Burundi.

Ishirahamwe Olucom risaba rishimitse Leta y’uburundi gushiraho intwaro nziza n’uburongozi bufise iyerekwa hamwe no kurwanya igiturire mu nzego za Leta no mu gisata c’abikorera utwabo umushinge w’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments