Umunyamabanga nshingabikorwa w’urunani CNARED Onésime Nduwimana asaba ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye n’abo bafashanya mu kurongora igihugu gutanga imihoho ata maraso arinze guseseka bitari uko naho urwaruka n’abasirikare bazobiyirukanira kuko igihugu kigeze aho umwansi ashaka.ibi n’ivyo urwo runani rwashikirije inyuma y’umwiherero rumazemwo imisi.

M’urunani CNARED ruhurikiyemwo abanyepolitike batavuga rumwe na Leta ya CNDD-FDD bamenyesha ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwamaze kurengerwa n’ibibazo biri mu gihugu bakaba badashoboye kubitorera umuti.kuri bo bavuga ko igihugu camaze guhomba bakerekana ko abarundi bari mu magorwa atagira izina.
Umunyamabanga nshingabikorwa w’urunani CNARED Onésime Nduwimana asaba ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye n’abo bari kumwe bose mu kurongora igihugu gutanga imihoho kuko ibibazo igihugu kirimwo ntavyo bashoboye gutorera umuti.
Onésime Nduwimana agira ati:«Bavuga ngo igihugu ntigihomba,baratira agashambara baze barabe iburundi aho abantu batakigira ayo bacira n’ayo bamira,nta gasukari,nta gitoro,nta mazi,nta kazi,ntamatara,bose baridoga gushika n’aho n’umukuru w’igihugu yidoga ko abo bakorana aribo bamuriye.ivyo bigasigura ko abatwara igihugu,igihugu cabananiye gutwara.abo batwara igihugu bategerezwa gutanga imihoho vuba bwangu canke abanyagihugu bakabiyirukanira.kubirukana bishobora gukorwa n’abasirikare n’urwaruka,bategerezwa kugenda ata maraso arinze guseseka.»





Recent Comments