Umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito NDAYISHIMIYE asaba abakorera mu gisata c’ubutungane kudacisha imanza inzigo. Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza, kuri uyu wa mbere 26/04/2021 igikorwa co kurekura abanyororo bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yagize ati:
“Abacamanza, abajejwe urwego rw’ubutungane ni babimenye y’uko gupfungwa ari “exception”. Tureke bimwe vy’ikirundi uriko urakanga umuntu ngo ndagupfunga. Ukorera igihugu nta vy’inzigo bijamwo. Gutwaza inzigo uri umutware kaba kabaye”.
Evariste Ndayishimiye yasiguye ko kuba umucamanza ari umuhamagaro kuko bigira umutima w’ubuntu. Ku bwiwe ni co gituma umucamanza atonezerwa abona hariho abantu bapfunzwe bataracirirwa imanza, atavuga ngo ingingo iyi n’yi niyo imufashe.
Mwomenya ko Uburundi bwarimwo abafungwa 12.000, muribo 9.000 akaba ari bo bari bamaze gucibwa abashika 4.451 bose hamwe nibo bagiye gutaha kubw’ico kigongwe catanzwe na Prezida Evariste Ndayishimiye.
Recent Comments