Umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni amenyesha ko Leta igiye kwishura amadeni yose ifitiye ishirahamwe rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi, INSS. Alain-Guillaume Bunyoni yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu nama yabaye hagati y-umushikiranganji wa mbere hamwe n-abakoresha.
Bunyoni yaragarutse ku kuntu mu Burundi abakoresha batigera baziganiriza kazoza bikwiye abakozi babo. « Mu bategerezwa gushira mu ngiro ingingo zo kugira abakozi bategekanirizwe kazoza harimwo abatabikoze barenga ibice 50%, tuvuga duti ibi n-ibiterasoni mu gihugu kirimwo amategeko, kandi mu gihugu kirimwo amategeko ntibitegerezwa kwemererwa ko bibandanya gutyo» Niko umushikiranganji wa mbere avuga.





Recent Comments