Umushikiranganji w-ubutungane amenyesha ko imanza zijanye n-amatongo zigiye kuva ubu ziburanishwa ku matongo nyene. Domine Banyankimbona akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n-abacamanza hamwe n-abanyagihugu ku bijanye n-imanza zidindira mu ntara ya Rutana.
Uwo mushikiranganji agasigura ko ico gikorwa kizotuma abantu bazembagiza abandi kuko babarusha uburyo n-igihagararo bigabanuka. Domine Banyankimbona akaba anegura inyifato y-abakozi bo mu butungane banyegeza imanza kugira ntihagire aho zishika biturutse ku biturire. Akaba yabahamagariye kuvavanura n-iyo ngeso.





Recent Comments