UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

COSESONA iriyamiriza ikumirwa ryibonekeza mw-itegurwa ry-inama rukokoma y-aberwa n-igisata c-indero.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw-amasendika y-abigisha Cosesona rumenyesha ko rwiyamiriza ikumirwa ririko riribonekeza mw-itegurwa ry-inama rukokoma yiga ibibazo bihanze igisata c-indero mu Burundi.  Biri mu rwandiko urwo runani rwandikiye umushikiranganji w-indero kuri uyu wa 4 Ruhuhuma 2022 .May be an image of one or more people, people sitting and people standing

Urwo runani rusigura ko abigisha badahabwa ikibanza  mw-iryo tegurwa ry-iyo nama rukokoma maze  ngo bumvirizwe ndetse batange intererano zoja mu nteguro ziberekeye ziriko zitunganywa.  Mw-urwo rwandiko, COSESONA iributsa ko ibiganiro n-intererano z-umwigisha vyamye ari kirumara , rukanibaza impamvu abigisha bakumiriwe mw-iyo nteguro y-inama rukokoma igiye kwiga igisata c-indero mu Burundi kandi bari kubemenyeshwa ibiriko bitunganywa mu bushikiranganji bubegukira.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments