UBM News ads

Umushikiranganji Ndirakobuca asaba abarundi kwitegurira umwanya n-umwanya irindi duga ry-igitoro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi amenyesha ko abarundi mw-iki gihe igitoro kiriko kibura mu gihugu, bokwitegurira irindi duga ry-igitoro kuko no mu bindi bihugu bihana imbibe n-uburundi caduze. Gervais Ndirakobuca yabishikirije kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Kayanza, hari mu nama yamuhuje n-abaserukira imigambwe.Image

Abajijwe kw-ikena ridasanzwe ry-igitoro ririko riribonekeza mu Burundi, Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yishuye uku :«Igitoro rero uko kigenda  kwose , mwavuze  muti kiduga, ivyo nukuri gitegerezwa  kuduga »

Uwarongoye ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu akamenyeshako n-igitoro kiriko kibura iki gihe ari icari catumweko igihe cari cadugijwe. Yabivuze uku :«Iki gike kiriko kirabura ni igitoro cari carakomanzwe  igihe cari caradugijwe. Nibaza yuko ejo canke  hirya y-ejo mwitegurire  ko n-ubundi kiduga»

Tubamenyeshe ko mu ntara zose zigize uburundi hariko hibonekeza ubukene budasanzwe bw-igitoro yaba ica essence canke ica mazout. Ibiriko bitera ingaruka mbi  mu bisata bitandukanye vy-ubuzima bw-igihugu. Mu bindi bihugu vyo mu karere nko mu Rwanda na Tanzaniya kikaba caradugijwe igiciro inyuma yo kubura. Intambara ya Ukraine n-uburusiya ikaba ariyo ntandaro y-iryo kena ry-igitoro ahatari hake kw-isi aho akagunguru kamwe k-igitoro kaduze  kakaja hejuru y-amadorare ijana . Ivyaheruka kuboneka mu mwaka wa 2014.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments