Ubumwe bwa buraya bugiye kwihutira kwiga ivy’iyinjizwa vuba rya Ukraine mw’uwo muryango.

0

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Ukraine, umukuru w-akanama k-umuryango w-ubumwe bwa buraya umupfasoni Ursula Von der Leyen yemereye umukuru w-igihugu ca Ukraine, Perezida Zelensky ko hagati yo mu kwezi kwa Mukakaro na Myandagaro 2022, Umuryango w-ubumwe bwa buraya ugiye kwicarira ikibazo kijanye no kwinjiza Ukraine mw-uwo muryango . Von der Leyen akaba yaciye amenyesha ko Ukraine ihejeje gutera iyindi ntambwe ikomeye  ijanye  no kwinjira mu bumwe bwa buraya aho yaciye ahereza Perezida Zelensky ibipapuro vyo kwuzuza vyo gusaba kwinjira muri uwo muryango.Image

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Umupfasoni Von der Leyen ati :«Ukraine iri mu muryango w-ubumwe bwa buraya, Uno musi rero, Ukraine ikaba iteye  iyindi ntambwe ikomeye igana kwinjira mu muryango w-ubumwe bwa buraya. Tuzokora ibishoboka vyose kugira iyi nzira ishike habanje gusuzuma ibisabwa vyose ko vyubahirijwe»

Tubamenyeshe ko ivyo gushaka kwa Ukraine kwinjizwa mu muryango w-ubumwe bwa buraya  biri mu vyatumye igihugu c-uburusiya gitera ukraine  kuko bwasaba Perezida Zelensky  gusokora ico ciyumviro maze atarabona amahano.