UBM News ads

BAD itewe impungenge nuko Uburundi butazoshobora kuva mu ngorane burimwo bw-iduzwa ry-ibiciro vy-ibiribwa hamwe n-ibura ry-igitoro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c-uburundi nico gihugu ca Kabiri co mu karere ka Afrika y-ubuseruko inyuma ya Sudani y-epfo cabangamiwe n-ubuzima buzimvye bwaturutse kw-ikena ry-igitoro  hamwe n-iduzwa ry-ibiciro ry-ibiribwa bimaze indwi vyibonekeza muri ako karere. Ibanki y-iterambere ya Afrika BAD imenyesha ko ifise impungenge  ko uburundi  butazoshobora kuva muri ivyo bihe mu gihe amashirahamwe araba ivy-ibifungurwa avuga ko ivyo biciro bishobora kubandanya biduga kw-isi.Image

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The East African,Ibihugu vyo muri Afrika y-ubuseruko bimaze indwi  biri mu bihe bigoye vy-ikena ridasanzwe ry-igitoro  hamwe n-ibiciro vy-ibidandazwa  biguma biduga .  Kubw-ico kinyamakuru, Ibihugu bitandukanye vy-ako karere aho igitoro cabonetse, ibiciro vyabaye umurengera , ivyatumye ubuzima buzimba .

Ku rutonde rw-ibihugu vyabangamiwe cane mw-ako karere, Igihugu c-uburundi kiza mu kibanza ca kabiri aho ibiciro vyaduze  ku rugero rurenza 13% inyuma ya sudani y-Epfo aho ibiciro vyiyongereye  gushika kuri 25%. Kubw-ibanki BAD, intambamyi uburundi bushobora guhura nazo  mu gutorera inyishu mw-iryo duga ry-ibiciro  muri uyu mwaka wa 2022, zihagaze ahanini  ku kungene abagura  ikawa n-icayi  uburundi bushobora mumahanga bashobora kubanuka muri kino gihe , amafaranga y-abanyamahanga bafasha ico gihugu nayo nyene akagabanuka. Ikindi BAD ivuga, nuko Uburundi bushobora kubandanya kugira amadeni y-umurengera bivuye ku kungene amafaranga bukoresha ku mwaka aguma ari menshi kuruta ayo bwinjiza kandi Leta ibandanya yongereza amadeni ifise mu gihugu aho amafaranga amaze kugera ku rugero rwa 70% vy-amadeni yayo yose. BAD ikamenyesha ko kugira uburundi  bwishure ayo madeni yose biri kure nk-ukwezi  kiretse hamwe Leta y-uburundi yonagura ikigega cayo  mu maguru masha.

Kubwa The East African, Amashirahamwe mpuzamakungu araba ibijanye n-ibifungurwa  hamweb n-uburimyi atewe umutima uhagaze nuko intambara iriko ihuza uburusiya na Ukraine  yatumye guhanahana ibidandazwa  bimwe bimwe  bidashoboka, aha  bakavuga nk-ibigizwe n-intete, amavuta yo gutekesha,  hamwe n-ifumbire . Ayo mashirahamwe akavuga kandi ko iyo ngwano yatumye n-ibiciro  biduga kw-isi yose . Igisata ca ONU kiraba ivy-ibifungurwa hamwe n-uburimyi FAO, kikaba cari camenyesheje mu ndwi iheze ko ibiciro vy-ibiribwa bizoduga kw-isoko mpuzamakungu  gushika mbere no ku rugero rwa 20%.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments