UBM News ads

Umushikiranganji mu Burundi agaciro kiwe koba kangana gute muri CNDD-FDD

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyaraye bishikiye umushikiranganji w’ubutungane mu nama nshingamateka ni ikimenyetso kitabesha ukuntu CNDD-FDD ifata abakozi bakuru ba leta bayo.

Umushikiranganji w’ubutungane yararamutse aja kwishura ibibazo vy’abashingamateka. Nk’uko bisanzwe abashikiranganji barabazwa aho ibintu vyoba bitagenda neza mu bushikiranganji barongoye.

Hageze ibibazo vy’abanyororo aho umushikiranganji yabajijwe igituma ibitigiri biba umurengera vy’abanyororo nkumvo z’uko Hari abataburanishwa canke abamara igifungo cabo ariko ntibarekugwe, umushikiranganji w’ubutungane yarishuye ko Ayo ma dosiye agiye kuyatorera umuti .

Hadatevye, umukuru w’Inama nshingamateka yafashwe n’agashavu kenshi biboneka ko akariye umushikiranganji,akoresha imvugo yuko ari umushikiranganji atazi ivyarimwo mbere amubwira ko ikindi gihe haje uwundi adashobora kwishura ivyo abajijwe, bagiye gusaba ko bazoza barabakurira mu nama nshingamateka.

Ntivyahereye aho , umukuru w’inama nshingamateka yategetse umushikiranganji amukankamira ati uva aha werekanye neza igihe uzoba wasubije unatange n’impamvu itomoye yukugene amabohero yogabanya imfungwa. N’ubwoba bwinshi cane ,yemeye ko mu gihe kitarenze indwi zibiri azoba yerekanye impamvu ibitigiri biba umurengera Nico agiye gukora.

Benshi bati none ko iyi leta ya CNDD-FDD ariyo ifunga aho usanga umushikiriza manza ashobora kwanka kurekura abahejeje igifungo ,aho iperereza ryanka ko abantu batorekurwa naho boba bera,ko ni gihe umushikiranganji yocisha ahiwe ubwonyene yorara atashe,bati yariko ararenganywa ,ingorane ni ivyo bihangange vya CNDD-FDD.

Vyaraye bibonetse ko umushikiranganji ni umuntu muto atajambo afise hamwe ashobora gufatwa nk’umukozi wo munzu hamwe agera ahantu akabura Nico yishura . Icabonetse nuko na CNDD-FDD ishura abantu ahantu ataruko ashoboye ahubwo ni uko ihamushira nk’igikanganyoni.mu gihe leta igizwe n’abantu atagihanura nuko vyama bihera .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments