UBM News ads

Kaze mu Bwami bw’impumyi aho uwimirazi aba umwami

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ejo bundi abarundi barakuriye inkofero umushikiranganji w’ubutungane yaraje aje gushira Ku murongo ubutungane,ariko hamwe leta ikora ibihushane, uwo mushikiranganji ntiyarengeje amezi 5. KATIHABWA Arthemon ni umushikiranganji yaraje gukorera abenegihugu. Hahandi CNDD-FDD izira incabwenge,imvuga kuri, ntiyamumajije na kabiri .


Uwo yahoze ari umushikiranganji ,CNDD-FDD yarageraje gushira ibinyoma mu bantu ko yoba afise ico imuhoye ,ariko vyarabonetse gose ko yazize akazi keza yariko arakora. Abatari bake mubakozi bamunzwe na ruswa ,baragerageje kumudodobereza biciye kuri bamaneko bivugwa ko ari abumupfasoni w’umukuru w’igihugu.

Igitangaje nuko uwamusubiriye ubu hageze ko CNDD-FDD biciye mu nama nshingamateka ibona ko ari umuntu ataco ashoboye. Incabwenge, uwufise ubwira, baregezayo ariko bagahitamwo kuzana umuntu bazomaramaza ishengero rikoranye.

Leta ya CNDD-FDD kudasenyera Ku mugozi umwe, kutavuga rumwe,bibajije ko begejeyo abatavuga rumwe na leta yabo ariho bazobishobora ,ariko basanga kumbe niho bagiye kwimaramaraza. Leta ya CNDD-FDD ukutagira gushishoza kwayo,kuzana Abo kubamaramaza Nico gikuru kuriyo . Mu myaka itarenga 6 hakaba hamaze kuja abashikiranganji 4.umwimbu ntaho wova . Iki rero Nico cerekana leta itagira iyo ija niyo iva .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments