UBM News ads

N’iki Kiri inyuma yihagarikwa ry’inzoga ziri mu macupa atameneka

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Niki Kiri inyuma ry’ihagarikwa ry’inzoga ziri mu macupa atameneka ? Uyu munsi umusitanteri aravyuka ngo jewe muri komine yanje ndihanije ko ibi binyobwa bizohagaruka. Ubu ikomine yose ibikora uko ivyumva. Ni leta mu yindi. Non BBN ivuga ko abafise amahinguriro ibakorera isuzuma, umukuru w’Inama nshingamateka ati iyo BBN ni bayifute ko iriko irica abantu. Umukuru w’igihugu yidoga mu bandi.

Ubu i Gitega ,musitanteri ati ibiboreza vyose ntivyemerewe muri komine yanje,ego nivyo Hari ivyica amagara y’abantu,none vyose bifatirwa mu kivunga ? Eka da. Uvuze ibiboreza,n’inzoga mva makungu zirimwo.

Ejo bundi numvise abasenyeri ngo leta ni hagarike inzoga zirica abantu, none I Burasira nta Burasine ikorerwayo ? Ikorwa n’igipatiri ifise ubumara buri kuri 40 kw’ijana. Aho Amstel iri kuri 5 kw’ijana. I Busiga bakora mu kibikira umuzabibu, ntanuwuzi ubumara burimwo, I Makamba ababikira barakora inzoga zikaze, none bazohagarikwa ? Uko biri izabo ntawozikorako.

Ariko ntawoshigikira kudahana ariko kandi na leta irisuzuguza, uhaye uruhusha umuntu urakurikirana ko ariko akora yubahirije amategeko ahandi umusitanteri nk’ubu Ayo mashirahamwe amwitwariye ko ayahomvya ntiyobivamwo.

Mbega umushikiranganji abijejwe haba uw’ubudandaji,amagara y’abantu, uumutekano n’abandi barihe ngo bakore isuzuma kugira uwo basanga atubahirije amategeko ahanwe gusumba ko umwe wese yumve yoba uwutegeka uko avyumva ?

Mbega nk’ubu ko bivugwa nk’amashirahamwe yegereye abategetsi atigera akorwako ubu iyo ngingo izoraba umwe canke ni kuri bose? Ko Hari ishirahamwe bizwi ko ryegereye nk’umukuru w’Inama nshingamateka,ubwo azoryubahuka kandi bivugwa ko yohageze muci aca adurumbanya abandi kugira rikore ryonyene ?

Bahana ni bahane hisunzwe amategeko mugabo ntihabe umwana n’ikinono

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments