Umushikiranganji w-ubudandaji , gutwara abantu n-ibintu, amahinguriro n-ingenzi , umupfasoni Immaculee Ndabaneze yaraye akombowe mu mabanga yiwe n-umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye.
Nkuko tubisanga mw-ikete ryateweko umukono na perezida Ndayishimiye hamwe n-umushikiranganji wiwe wa mbere Alain–Guillaume Bunyoni, Umushikiranganji Immaculee Ndabaneze ahowe ko ibikorwa vyiwe vyashobora kubangamira ubutunzi bw-igihugu bikanacafuza ishusho y-igihugu.
Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko ikomborwa rya Immaculee Ndabaneza ryoba ririmwo ibinyegezwa vyinshi . Rufyiri avuga ko yoba uwo mushikiranganji yazize igurishwa ridaciye mu mategeko ry-indege itari gikora uburundi bwari busigaranye.Bikavurwa ko iyo ndege yagurishijwe amahera makeyi cane k-umunya afrika y-epfo. Ikindi kinyegezwa Gabriel Rufyiri avuga n-uko umushikiranganji Ndabaneze ahowe kubwitunganywa nabi ry-uburyo bwagenewe mw-ishingwa ry-ishirahamwe ry-indege ya Leta Air Burundi aho uwarajejwe ibikorwa vyo kuvukisha iryo shirahamwe Nizigiyimana Pierre ubu abarizwa mw-ibohero rikuru rya Mpimba.
Recent Comments