UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umushikiranganji Immaculee Ndabaneze yaraye akombowe mu mabanga,hoba hari ibinyegezwa mw-ikomborwa ryiwe.

 

Umushikiranganji w-ubudandaji , gutwara abantu n-ibintu, amahinguriro n-ingenzi , umupfasoni Immaculee Ndabaneze yaraye akombowe mu mabanga yiwe n-umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye.Aragabisha irya nyuma abaguma baduza ibiciro | Indundi

Nkuko tubisanga mw-iketeĀ  ryateweko umukono na perezida Ndayishimiye hamwe n-umushikiranganji wiwe wa mbere AlainGuillaume Bunyoni, Umushikiranganji Immaculee Ndabaneze ahowe ko ibikorwa vyiwe vyashobora kubangamira ubutunzi bw-igihugu bikanacafuza ishusho y-igihugu.

Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha koĀ  ikomborwa rya Immaculee Ndabaneza ryoba ririmwo ibinyegezwa vyinshi . Rufyiri avuga ko yoba uwo mushikiranganji yazizeĀ  igurishwa ridaciye mu mategekoĀ  ry-indege itari gikoraĀ  uburundi bwari busigaranye.Bikavurwa ko iyo ndege yagurishijwe amahera makeyi caneĀ  k-umunya afrika y-epfo. Ikindi kinyegezwa Gabriel Rufyiri avuga n-uko umushikiranganji Ndabaneze ahowe kubwitunganywa nabi ry-uburyo bwagenewe mw-ishingwa ry-ishirahamwe ry-indege ya LetaĀ  Air BurundiĀ  aho uwarajejwe ibikorwaĀ  vyo kuvukisha iryo shirahamwe Nizigiyimana Pierre ubu abarizwa mw-ibohero rikuru rya Mpimba.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments