Perezida Paul Kagame amenyesha ko umubano uri hagati y-urwanda n-uburundi uriko usubira kumera neza.

0

Mugihe yariko asozera inama yabagize komite Nyobozi y-umugambwe uri k-ubutegetsi FPR Inkotanyi, Perezida Paul Kagame yatanze icizere co kuzamuka kw-imigenderanire iri hagati y-ibihugu vy-u Rwanda n-uburundi yarimaze imyaka itandatu yaratosekaye  kuko,  ukwo ari ivyo ibihugu bibiri bihaye  bibona ico bipfa  ariko akamenyesha ko  bagifitaniye ikibazo n-igihugu kibanyi ca Uganda.Empowering women is a responsibility, not a favour - Kagame | The New Times | Rwanda

Yavuze ati=ˮababanyi bacu ni bane gusa tumenyeranye neza kiretse umwe. Kare bari babiri, uwa kabiri mvuga ni igihugu c-amajyepfo, uburundi ubu turi mu nzira  yo gushaka ukwo twokwumvikana ariko ngirango ubu twe n-abarundi turashaka kubana kandi nabo bamaze kwerekana iyo nzira‟.

Perezida Kagame yavuzeko ibibazo u rwanda rwari rufitaniye na Republika iharanira Demokarasi ya kongo ibihugu vyompi biri gufatanya kubikemura aho yavuze ko ˮubu ibintu bimeze neza‟ k-urusha uko vyari biri mbere.

Tubibutse ko kuva mu mwaka w-2015 hadutse imvururu za politike zitewe no kwitoza kw-umuhisi Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu , hagati y-urwanda n-uburundi hahavuye haduka  itosekara ry-imigenderanire bituma ivyo bihugu ukwo ari bibiri birabana ay-ingwe. Igihugu c-uburundi cagiriza u Rwanda ko rutunze abagirizwa guhirika ubutegetsi kuwa 13 rusama 2015, Igihugu c-urwanda naco kikavuga ko uburundi buhaye indaro abamaze iminsi bagira ibitero kw-ico gihugu.

Tubamenyeshe ko mu ntumbero yo gushira mu ngiro muri bimwe  Leta y-uburundi yari yasavye urwanda,   Ico gihugu giheruka kwugara ibinyamakuru bitatu  vy-uburundi vyakorera k-ubutaka bwaco kuvaho bituririwe i Burundi inyuma yo kugerageza kw-ihirikwa ry-ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kuwa 13 Rusama 2015, Igihugu c-urwanda naco kiti =ˮturarindiye nabo  ico abategetsi buburundi badukorera kuvyo twabasavye‟.

Kubakurikiranira hagufi politike y-ivyo bihugu  bibanyi kwari bibiri bamenyesha ko ugusubiza hamwe  bizofata imisi babivuga bisunze ukuntu u rwanda ruheruka kwishura Leta y-uburundi ko rutarota rutanga impunzi z-abarundi zikekwa ko zagize uruhara mw-ihirikwa ry-ubutegetsi bwo kuwa 13 Rusama kukubera ko ico gihugu coba gihonyanze amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ahubwo  ko kiriko kuvugana n-ibindi bihugu  bifashijwe n-ishirahamwe HCR bikazotora uwo murwi w-impunzi uhabwe ubuhungiro, ivyoba bitanezereje Leta y-uburundi kw-iyo nyishu yahawe.