Ubukene bugiye kwiyongera kubakozi ba leta kumvo z’uko batongejwe agashahara ku musi w’abakozi n’akazi nk’uko vyari bimenyerewe.

0

Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko leta itagishobora kwongera abakozi bayo agashaha kuko ikiri mu madeni menshi nubwo beshi bidoga ko bahembwa intica ntikize ahubwo asaba Abarundi bose gukura amaboko mu mpuzu bakagwiza umwimbu.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi rijanye n’umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi asaba ko abakozi n’abakoresha bumvikana mu ntumbero yo guteza imbere igihugu cabo abashaka kurya ivyo batabiriye akuya bagahanwa ni mu gihe u Burundi bwahimbaje uwo musi ku civugo kigira giti “Dukure amaboko mu mpuzu tugire urunani mu kugwana urugamba rwo gutuza ubukene.”

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye amenyesha ko ico civugo gihamagarira Abarundi bose kugira urunani mw’iterambere kugira iterambere ribonetse rishikire bose. Yamenyesheje ariko ko nkuko abakozi bama bavyiteze uno mwaka abakozi batazongezwa umushahara bivanye n’ibigega bitifashe neza.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaramenyesheje ko bagiye gukurikirana bimwe biboneka amafaranga abakozi biziganiriza kugira hageze ko bakukuruka babeho nkabigeze koko kuba bafitiye akamaro leta.

Uwo mugambi abarongoye amasendika barawukengurutse. Celestin Nsavyimana arongoye urunani mpuza masendika COSYBU amenyesha ariko umukuru w’igihugu ko kugira uwo mugambi uje mu nzira ku neza ya bose hari ibitegerezwa kubanza guhinduka.

Abakozi ba leta bobo bamenyesha ko ku musi w’abakozi ico baba biteze ari uko bongerwa agashahara. Bakamenyesha ko kuba batongewe bigiye kubandanya vyongereza ubukene ku bakozi ba leta.