Uy’umusi ugize kane umuryango w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Gen. Alain-Guillaume Bunyoni upfungiwe ic’amaso ku muhano wabo mpaka ngo bavuze iyo serugo yagiye. Abaryango bakaba batekewe n’ubwoba narirya gushika ubu atawurekuriwe kubabona ngo canke abavugishe.

Kuva mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere aho inzego z’umutekano zigiriye gusaka ku muhana w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Gen.Alain-Guillaume Bunyoni , ntawuzi uko umutambukanyi wiwe n’abana biwe bamerewe. Amakuru dukura mu bajejwe umutekano bakorera ku kirimba c’umukuru w’igihugu, bemeza ko bose bugaraniwe mu cumba kimwe ko kandi ko batemerewe kuvugana n’imiryango yabo kubera ko batswe amaterefone yabo bose.
Ayo makuru nyene, abandanya avuga ko na bamwe mu ncuti n’abagenzi bagiye kuraba uko bamerewe birukanywe ubutarariye batakubise ijisho abo bari bagiye kuraba. Ayandi masoko adushikira amenyesha ko abana ba Bunyoni basa nabahahamutse ndetse ngo kuva kuri uyu wa gatatu no gufungura boba barabihevye kubera ko bikeka bashobora guhabwa ishano ubona ko batanemerewe uwundi muntu wo mu muryango kubagarira .





Recent Comments