Umukuru w’igihugu c’uburundi asaba abafasha uburundi ko bari bakwiye kufasha kugarukana incabwenge z’abarundi zija gukorera mu bindi bihugu hamwe no kuzihemba nk’ikiringo c’imyaka nk’itanu. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa kane mw’ihuriro ridasanzwe ryo kurabira hamwe iterambere ry’uburundi .
Perezida Ndayishimiye yagize ati :
“…Baraduha imfashanyo ariko bakadutwara abantu. Abaduha imfashanyo nibadufashe mu kutugarukanira abarundi bariko baraja gukorera hanze hamwe no kubahemba nk’imyaka nk’itanu”
Mw’iryo huriro riza kurangira kuri uyu wa gatanu, Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yipfuza ko uburundi bwoba bwiganzuye icitwa ubukene n’isuku maze nayo mu mwaka wa 2060, igihugu c’uburundi kikaza ku rutonde rw’ibihugu biteye imbere kw’isi.