Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsLeta y’uburundi yemeje ko iriko ihiga Gen. Bunyoni kugira agirweko amatohoza n’ubutungane...

Leta y’uburundi yemeje ko iriko ihiga Gen. Bunyoni kugira agirweko amatohoza n’ubutungane ariko bakaba bamubuze.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano yemeje ko habaye isakwa ku ngo z’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni kuko ngo hariho amatohoza ubutungane bwashaka kumugirako ariko ngo ntibamubonye. Martin Ninteretse yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa ikoreramwo ubwo bushikiranganji buri mu gisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji Martin Ninteretse yagize ati:
“Nivyo harabaye isakwa muhira kwa Alain-Guillaume Bunyoni kuko hariho amatohoza ubutungane bwashaka kumugirako ariko ntibamubonye”
Yongeye ati :
“Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, parake jenerare yaragiye gusaka ku rugo iwe baramubura . Ariko iyo dosiye iri mu butungane , nta cegeranyo bampa, bagitanga muri parake jenerare”

Ivyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abishikirije inyuma yaho kuri uyu wa mbere, ingo zibiri za Gen. Alain-Guillaume Bunyoni (rumwe ruri mu gisagara ca Bujumbura, urundi mu ntara ya Rutana) zivyutse kuri uyu wa mbere zisakwa bidasanzwe n’inzego z’umutekano . Umutahe wo gusaka iyo mihana ibiri ya Bunyoni watanzwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika Syvestre Nyandwi kugira hasakwe mu nyubakwa z’uyo yahoze ari umushikiranganji amafaranga angana imiriyaridi 20 vyavurwa ko yoba abitsweyo.

Hari ayandi amakuru ava mu bagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD ari nawo Bunyoni aturukamwo ko yashaka guhirika ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye ngo abanje kwifashisha imyidogo n’umwiheburo uri mu basirikare n’abapolisi kubera intica ntikize y’imishahara bahembwa hamwe rero ngo n’inzara n’ubukene bivurwa mu miryango itari mike mu gihugu.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...