Umuryango w-ubumwe bwa buraya wagumijeho ibihano wafatiye abarundi bane kuva mu mwaka w-2015.

0

Umuryango w-ubumwe bwa buraya wafashe ingingo yo kugumizaho ibihano wari wafatiye abarundi bane kuva mu mwaka w-2015.Murabo barundi harimwo umushikiranganji w-intwaro yo hagati , umutekano n-iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca, Godefroid Bizimana ajejwe ibibazo vy-ingendo mu biro vy-umukuru w-igihugu, Léonard Ngendakumana yagirijwe n-uwo muryango kuba yari yemereye ko ari mubarongoye abagize ibitero vy-amagerenade mu gisagara ca Bujumbura hari mu 2015 hamwe rero n-umukozi w-iperereza yitwa Joseph-Mathias Niyonzima batazira ˮKazungu‟. Ivyo bihano vyagumijweho kw-abo barundi bikaba bizoshika kuwa 31 Gitugutu 2022.burundidaily.net

Mu ngingo yafashwe n-inama nkuru y-uwo muryango w-ubumwe bwa buraya yabaye kuwa 18 Gitugutu 2021, imenyesha ko Gervais Ndirakobuca yagirizwa kuba yashimye gukoresha inguvu mu mwaka w-2015  nk-inyishu z-ibibazo vya politike y-uburundi mu gutanga amategeko k-urwego rw-igipolisi aho hakoreshejwe inguvu zirengeye z-abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza. Ico gihe uwo mutegetsi yari umuhanuzi mw-ishikira mu biro vy-umukuru w-igihugu ajejwe ibibazo vy-igipolisi c-uburundi.

Kurwo rutonde, haza kandi Godefroid Bizimana ajejwe ubu ibibazo vy-ingendo z-umukuru w-igihugu c-uburundi . uwo mutegetsi yahoze ari  icegera c- umuyobozi mukuru w-igipolisi c-uburundi yagirizwa n-ubumwe bwa buraya ko yaburabuje intwaro rusangi mu gufata ingingo zikomeye zatumye haba ugukoresha inguvu zirenze ku bajejwe umutekano mu kubuza abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Umurundi agira gatatu ni Léonard Ngendakumana , akaba yagirijwe kuba yahisemwo kuba intambamyi mu bijanye no gutorera inyishu za politike aho yifadikanije n-abagerageje guhirika ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015. Ikindi uwo yigeze kuba ajejwe ivy-ingendo mu biro vy-umukuru w-igihugu yagirizwa kuba yari yemereye ko ari mubari hejuru mubagiye barakora ibitero  vya gerenade mu Burundi .

Uwanyuma ni umukozi w-iperereza Joseph-Mathias Niyonzima batazira ˮKazungu‟, Uwo nawe yagirizwa n-ubumwe bwa buraya ko ari mubashimye gukoresha inguvu mu bijanye no kurondera inyishu y-ibibazo vya polike aho yakoze ivyaha bitandukanye mu guhungabanya agateka ka zina muntu k-abariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Kazungu kandi yagirizwa kuba yarigishije inyigisho za gisirikare urwaruka rw-imbonerakure, urwo narwo ruzwi mu mabi atandukanye  yo guhungabanya agateka kazina muntu mu Burundi.