Umufaransakazi akomoka mu Burundi amenyesha ko agiye kwitoza mu matora y-umukuru w-igihugu c-ubufaransa.

0

Umufaransakazi Jeanne Muvira akomoka mu gihugu c-uburundi aherutse gutangaza ko azokwiyamamariza amatora y-umukuru w-igihugu c-ubufaransa yimirije mu mwaka uza w-2022.Jeanne Muvira Uvuka mu Burundi Arashaka Kuba Perezida w'Ubufaransa

Umupfasoni Muvira akaba yavukiye hagati mu gihugu c-uburundi neza na neza mu ntara ya Mwaro, mu nyuma aza gukurira mu gisagara ca Bujumbura. Muvira akaba kandi ari umuhinga mu bijanye n-ivy-imiti bita ˮpharmacie‟ mu gifaransa ndetse n- n-umuhinga muvy-ingwara zo mu mutwe, akaba afasha abantu kumenya ukwo barwanya umujagaro ico bita ˮstress‟ mu rurimi rw-igifaransa.

Uwo mufaransakazi afise amamuko yo mu Burundi yatangajeko yafashe ingingo yo kwiyamamariza kuyobora igihugu c-ubufaransa  inyuma yo kubona ko hari ivyo ubuyobozi  buhari ubu butitaho  canke budatorera inyishu  kandi vyari  ibikenewe cane mu buzima bw-igihugu.