UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leta y-uburundi irashima ikurwako ry-ibihano yari yarafatiwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika.

UBM News ads

Leta y-uburundi irakenguruka ikurwako ry-ibihano yari yarafatiwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika. Mw-itangazo ryasomwe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu kw-iradiyo n-imboneshakure RTNB, Leta y-uburundi irikeza. Ikavuga ko ari ingingo yatumwe n-impinduka zakozwe n-igihugu mu kugarukana ituze.Burundi: Leta Ifata Ubwicanyi Bwakorewe Abahutu muri 1972 nk'Ihonyabwoko

ˮNi ikimenyetso ko Leta zunze ubumwe za Amerika zakira neza ibikorwa vya Leta y-uburundi mu kugarukana ituze mu gihugu. Uburundi burasavye n-a bandi babufasha  cane cane ubumwe bwa buraya gukurikira iyo ntambwe  kugira ngo buhagarike nabwo ibihano bwafatiye uburundi‟  Niko Iryo tangazo rivuga ryasomwe n-umuvugizi wa Leta.

Prosper Ntahorwamiye yemera ko Leta y-uburundi itaco itazokora mu kugerageza kunagura imigenderanire n-amashirahamwe mpuzamakungu .

Umukuru w-umurwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH nawene arashima iyo ngingo ˮizotuma abafata ingingo bafata ingingo nziza bakanakora amahinduka adasanzwe ‟  nuko vyashimwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments