Umurwi w’abasirikare b’uburundi ugizwe n’intwazangabo umunani barungitswe mu butumwa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntumbero yo kwitegurira ishirwaho ry’umurwi w’igisirikare c’akarere ka Afrika y’ubuseruko uzoba uje kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho no kugarukana amahoro mu buseruko bw’igihugu ca Congo.
Abo basirikare barungitswe mu gisagara ca Uvira mu ntara ya Kivu y’ubumanuko ni ku birometero birenga gato 25 uvuye mu gisagara ca Bujumbura. Amazina y’intwazangabo yarungitswe mw’ubwo butumwa amaze kumenyekana ni Gén.de Brigade Ignace SIBOMANA, Gén.de Brigade Dominique Nyamugaruka, Lt.Colonel Ildephonse Baranyikwa, Lt.Colonel Léonidas Nyandwi. Izindi ntwazangabo ni abafise ipete rya Major, abo nabo ni Major Jean-Claude Nshimirimana, Major Emile Nshmirimana, Major Léonce Segetera na Major Sylvestre Nkurunziza. Abandi basirikare umunani ni abafise ipete rya Caporal na Caporal-Chef.
Ayo makuru nyene akavuga ko kuva kuri uyu wa kane uheze, Benshi mw’abo basirikare batabonetse aho basanzwe bakorera. Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko abo basirikare bari kuri urwo rutonde babonetse mu gitondo co kuri uyu wa kane no kuri uyu wa gatanu mw’ikambi ya gisirikare yo mu Gatumba ku birometero 13 vy’igisagara ca Uvira vyanditswemwo ko bagiyemwo. Ayo makuru akemeza ko kuri uyu wa kane uheze biriwe muri Uvira maze bakagaruka kurara mu Gatumba. Bikavurwa ko barungitswe mu bikorwa vyo gutata ku bijanye n’ingene hoshirwaho ibiro vya gisirikare vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko vyofashanya n’igisirikare ca Congo, FARDC mu kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ivurwa mu buseruko bwa Congo harimwo n’umuhari M23 umaze imisi utana mu mitwe n’igisirikare ca Leta ndetse ukaba unamaze kwigarurira uburere butari buke muri teritware ya Rutshuru ni mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.
Recent Comments