Tuesday, September 27, 2022
HomeNewsTanganyika Sugar Company yo kwa Nahum Barankiriza imenyesha ko mu 2024...

Tanganyika Sugar Company yo kwa Nahum Barankiriza imenyesha ko mu 2024 izotangura guhingura isukari.

Ishirahamwe Tanganyika Sugar Company ry’umurwizatunga Nahum Barankiriza rimenyesha ko  mu mwaka wa 2024 rizoba ryatanguye guhingura isukari ivuye mu bikaju iryo shirahamwe ryarimiye mu Rukoko muri Komine Gihanga, intara ya Bubanza. Umuhuzabikorwa w’iryo shirahamwe abimenyesheje inyuma yaho abanyagihugu bo muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza bidogeye ko bitumvikana ingene batswe amatongo bahora barimamwo umuceri maze agahabwa umurwizatunga Nahum Barankiriza kandi mu myaka irenga cumi iryo shirahamwe ritanguye kurima igikaju ata musaruro barigera babona.Image

Kw’iyo myidogo y’abo banyagihugu, mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta rivuga ko kubona haheze imyaka irenga cumi ishirahamwe Tanganyika Sugar Company ry’umurwizatunga Nahum Barankiriza, rihawe itongo ngo ririmwemwo ibikaju  vyo guhinguramwo isukari  mu Rukoko , ariko ata n’urutete rw’isukari ruraboneka kuva iyo myaka yose, ari uruhombo ku gihugu no ku bakibamwo.

Abo banyagihugu bakamenyesha ko iryo tongo rya hegitare 2400 bahora baririmamwo umuceri maze bakaronka umwimbu mwinshi ushimishije.

Nkuko tubikesha iradiyo na Televiziyo Isanganiro, nuko umuhuzabikorwa w’iryo shirahamwe asigura ko mu mwaka w’2024 isukari izoba ihingurwa aho mu Rukoko.

 

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...