UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ntaco afasha abagirizwa «putsch» bahungiye mu Rwanda (Albert Shingiro)

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ntaco afasha abarundi bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bahungiye mu gihugu c’urwanda. Bishikirizwa na Albert Shingiro, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu mu gihe ubwo bushikiranganji bwari buramutse bushira ahabona ivyo bwaranguye muri uyu mwaka wose.Image

Albert Shingiro akamenyesha ko igihugu c’urwanda kibandanya ibiganiro n’uburundi kugira abarundi bahungiyeyo bagirizwa ico caha batahukanwe.

«Sinovuga ko urwanda rwase kubaduha turiko tuganira kugira kugira rubaduhe barenguke imbere y’intahe. Turacizeye ko ruzobaduha kuko nta gihugu coguza imigenderanire n’ayandi makungu n’ibindi bihugu na cane cane ibihugu nk’uburundi, igihugu duhana imbibe ngo kiguze iyo migenderanire no gushigikira umurwi utarenza kumbure 20 bavuye mu Burundi bakoze ivyaha bikomeye namwe muzi. Amategeko mpuzamakungu ashigikira afasha cane cane barya bitwa impunzi ntabwo aza akingira abantu baba bahiritse ubutegetsi nkuko mu bizi amakungu ariko agerageza guteza imbere ibintu vya demokarasi kw’isi hose nta bantu boza bashigikira abantu batembagaza ubutegetsi»

Tubamenyeshe ko igihugu c’urwanda caheruka gutangaza ko kidashobora guha Leta y’uburundi abantu baza bari mu minwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi. Leta y’uburundi ngo niyo yabakenera izobasabe ishirahamwe HCR.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments