Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano uwurongoye CPI

0

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika casubiriye gufatira ibihano ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, CPI.

Inyuma y’aho Amerika ifatiye ibihano kuri bamwe mu bakora nabashigikiye muri iyo Sentare, ubu naho Amerika yafatiyeiyafatiye uwusanzwe arongoye iyo Sentare ariwe Fatou Bensouda.

Nk’uko bimenyeshwa n’umunyabanaga wa reta wa Amerika, Mike Pompeo, ivyo bihano ntibivurwa ivyo arivyo kuri Bensouda, ariko abihweza ibintu bakavuga ko bishobora kuba ari ukubuza Fatou Bensouda kuja muri Amerika hamewe no gufata aubutunzi bwiwe.

Amerika ikaba isanzwe itumvikana n’iyo Sentare ku ngingo yafashe yo gutohoza ku mabi igihugu ca Amerika gishobora kuba cakoze mu ntambara yabaye mu gihugu ca Afuganistani.

Naho CPI ivuga ko Amerika yakoze ayo mabi muri Afuganistani, reta ya Trump iriyamiriza ivyo birego vya CPI.

Mwomenya ko CPI imaze kwiyamirizwa n’ ibihugu vyinshi cane harimwo n’ Uburundi kubera ko vyagiriza iyo Sentare guhengama mu manza zayo.

Mwomenya kandi ko Fatou Bensouda avuga ko adaterwa ubwoba na reta ya Amerika ko azobandanya ahagararira iyo Sentare.