Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bo kuri Radiyo Isanganiro kuri uyu wa kane, Umukuru w-umurwi w-igihugu wigenga uharanira agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH aremera ko hari indongozi y-umugambwe CNL Elie Ngomirakiza yabuzwe irengero ryiwe. Uwo murwi CNIDH uranemera ko hari abanywanyi b-uwo mugambwe CNL bagiye barafatirwa mu ntara za Muramvya na Mwaro inyuma y-ibitero vy-abitwaje ibirwanisho biheruka kuhabera.
ˮIkibazo c-indongozi ya CNL yabuzwe irengero twaracumvise kandi twaragerageje gukora ivyo dushoboye , murazi ukwo bigenda ko dutegerezwa gukorana n-inzego za Leta kugira zimenye ukwo ibintu vyagenze ndetse zinabikwirikirane. Twaravugishije abaduhaye ayo makuru , twiteze ko inzego zitandukanye zigiye nazone gufasha habandanye hakorwa amatohoza maze abakoze ubwo bisha bafatwe bakubitwe inkoni mu gahanga‟ niko uwo arongoye CNIDH yavuze.
Abajijwe ku banywanyi b-umugambwe CNL bamaze imisi baguma bahagarikwa, Sixte-Vigny NIMURABA yishuye ko iryo hagarikwa ry-abo banywanyi arizi cane. Akamenyesha ko hari abarenga cumi bamaze kurekurwa mu ntara ya Muramvya inyuma yo gukorwako amatahoza bagasanga nta ruhara bafisemwo mu bitero vy-abitwaje ibirwanisho haciye imisi bihakorewe. Uwo arongoye uwo murwi akavuga ko bobo batashobora kwinjira mu matohoza aba ariko arakorwa n-inzego za Leta gusa akamenyesha ko ico bakora ari ugukurikirana ukwo abo baba bahagaritswe habayemwo ugukurikiza amategeko.





Recent Comments