Bamwe mu banyagihugu bo muri komine Mabayi yegereye ishamba rya Kibira baridoga ko baruhijwe n- imirwi y-abitwaje ibirwanisho ivuga ururimi rw-ikinyarwanda ibikoreza imizigo irimwo ibifungurwa baba baje gusuma munyuma bakayibashikanira ku birindiro vyabo bisanzwe biri mw-ishamba cimeza rya Kibira.
Abo banyagihugu bagatangazwa n-ukuntu abajejwe umutekano birabira hirya babwiwe ico kibazo c-iyo mirwi, biboneka ko boba bazinanye aho abo banyagihugu bagafatira k-ukuntu iyo mihari ikundwa kubonwa yambaye imyambaro y-igisirikare c-uburundi. Ayandi makuru yemezwa n-amwe mu basirikare bakorera ku birindiro vy-iryo shamba rya kibira avuga ko iyo mirwi isanzwe ihana hana ibifungurwa hamwe n-ibindi vyankenerwa n-abo basirikare. Abo banyagihugu bagasaba Leta ko ikwirikirana ico kibazo c-iyo mirwi y-abitwaje ibirwanisho ivuga ururimi rw-ikinyarwanda kuko imaze igihe itera uruhagarara mu duce twegereye ishamba ryimeza rya Kibira.
Tubamenyeshe ko iyo mirwi isanzwe ivuga ururimi rw-ikinyarwanda imaze igihe kitari gito icumbikiye mw-ishamba rya kibira biravurwa ko ari urunani rw-imihari y-abanywarwanda yagiye hamwe kugira irwanye ubutegetsi bw-urwanda, ibimaze kuboneka neza ko iyo mihari ifise ubufasha mu bategetsi b-uburundi, ufatiye nko kubaha ibibanza bacumbikiramwo. Iyo mihari ikaba imaze gukora ibitero mu gihugu c-urwanda mu nyuma igaca isubira mw-iryo shamba rya Kabira, biri muvyo Leta y-urwanda yama yagirije Leta y-uburundi ko icumbikiye abayirwanya ariko Leta y-uburundi yagumye ibihakana.





Recent Comments