Ni ibihe abakuru b-ibihugu vy-uburundi hamwe na Tanzaniya biyemeje gukorera hamwe?

0

Inyuma y-urugendo yavyutse akorera mu gihugu c-uburundi, umukuru w-igihugu ca Tanzaniya umupfasoni Samia  Suluhu Hassan yahavuye yakirwa ku muhingamo  na mugenzi we w-uburundi Varisito Ndayishimiye.  Mu mubonano bagiriraniye abo bategetsi  b-ivyo bihugu ukwari bompi biyemeje bongera batera imikono k-uvyo  bagiye gukorera hamwe . Ivyo navyo biri mu bisata bikurukira:May be an image of 1 person, sitting and indoor

-Kwubaka amabarabara ahuza ivyo bihugu kwari bibiri harimwo irya Nyakanazi-Kasulu-Manyovu-Rumonge-Gitaza. Ibarabara ry-indarayi Uvinza-Musongati-Gitega. Guha uburundi aho bubika imizigo ku kivuko c-i Musozi ca Kwala , ku buringanire bwa hegitare cumi.

-Gukuraho inzitizi zijanye n-amakori hamwe no kunyarutsa kwubaka ikigo rusangi k-urubibe rwa Manyovu k-uruhande rwa Tanzaniya, hamwe na Mugina k-uruhande rw-uburundi.

-Igihugu ca Tanzaniya ciyemeje ko  catanguye gusanura imeri izotwara amatoni 350 y-igitoro  hamwe no kubandanya hubakwa izindi meri  nshansha zibiri. Imwe ikazotwara abantu 400 n-amatoni 600 y-imizigo, iyindi ikazopakira imizigo gusa.Hamwe no kwagura ibivuko biri ku kiyaga ca Tanganyika birofasha  uburundi gucishako imizigo.

-Kunyarutsa kwubaka urugomero rw-umuyagankuba  ku Rusumo ruzotanga  Megawatt 80, rukazoba rusangiwe n-ivyo bihugu bihugu hamwe n-urwanda. Tanzaniya yiyemeje kandi ko yiteguye kugurisha ku Burundi  umuyagankuba  uzova k-urugomero rwa Nyerere rukazotanga Megawatt 2115.

-Bongeye baraganira abo bategetsi ukwo ari bompi kubijanye no gufashanya  mu gisata c-ubuhinga ngurukanabumenyi.

-Bemeranije kandi gufashanya mu gisata c-ubutare. Aho hategekanywa kwimbwa ubutare bwa Nickel buri Musongati , mu Burundi hamwe na Kabanga  muri Tanzaniya hamwe rero no kuburonderera amasoko.

-Baganiriye kuvyo gukomeza amahoro n-umutekano  ku mbibe ivyo bihugu bihana.

-Gufashanya mu bijanye n-uburimyi ,ubworozi, uburovyi, inkino n-imico,ingenzi, gukingira amasoko ntanganguvu n-ibidukikije, …

-Bateye umukono ku masezerano  yo kwigisha indimi z-igiswahili mu Burundi hamwe n-igifaransa muri Tanzaniya hamwe n-ibijanye n-amagara y-abantu.

-Igihugu ca Tanzaniya ciyemeje ko kizoguma gisaba ko uburundi bukurwako ibihano bwafatiwe n-amakungu hamwe no kwemererwa kuja mu muryango wa SADEC.