UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora uramutswa indongozi nshasha.

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora uramutswa Prosper Ntahorwamiye yahora ari umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Leta y’uburundi . Akaba yemejwe n’inama nkenguzamateka kuri uyu wa gatatu. Hemejwe kandi ayandi mazina azofashanya n’irya Ntahorwamiye mu kurongora uwo murwi utunganya amatora.

Mu yandi mazina yemejwe akaba ari aya akwirikira : Victoire Nahimana yahoze ari umukenguzamateka ubu akaba agiye kuba icegera c’uwurongoye uwo murwi, Umupfasoni Bizimuremyi Odette yemejwe kugira arongore igisata c’ubutunzi n’intwaro muri uyo murwi, Slvestre Nyandwi yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa republika yagenywe kuyobora igisata c’amategeko. François Bizimana agenwa kurongora igisata c’inyigisho hamwe no kumenyesha amakuru,Léonidas Ndayiragije akaba ajejwe ubuhinga bwa none nayo Gaby Bugaga nk’uwujejwe ibikoresho.

Prosper Ntahorwamiye yemejwe ngo arongore umurwi CENI yarabaye kandi umuvugizi w’uwo murwi mu mwaka wa 2010. Ariko amatora yatunganijwe n’uwo murwi yariyamirijwe cane n’abanyepolitike batavuga rumwe bari mu runani ADC-Ikibiri. Ico gihe ADC-Ikibiri yaciye yiyonjorora mu matora yakwirikiye inyuma yo kubona ko yibwe ay’abajenama ba komine hamwe n’ay’abashingamateka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments