UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ariko akorora amosozi, Perezida Kim Jung-un wa Koreya ya Ruguru yinginze abagore bo mu gihugu ciwe kuvyara abana benshi.

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong-un yagaragaye akorora amosozi igihe yariko asaba abagore bo mu gihugu ciwe kuvyara cane. Ni mu gihe ico gihugu kimaze igihe cugarijwe n’ubukene bw’abana bavuka .

Mw’ihuriro ry’abakenyezi ryo ku rwego rw’igihugu ryabereye i Pyongyang kuri uyu w’Imana, Perezida Kim Jong-un ariko yinginga abo bakenyezi ngo baterere umuganda ku kibazo kijanye n’igabanuka ry’abana bavuka mw’ico gihugu, yaciye afatwa n’ibigumbagumba arakorora amosozi ndetse na bamwe mu bakenyezi bari bitabiriye iryo huriro baciye nabone bafatwa bararira.

Nkuko tubikesha urubuga rw’ikinyamakuru www.Blick.ch, Umuntu afatiye ku biharuro biheruka gushirwa ahabona n’ubutegetsi bwa Koreya ya ruguru, Ibiharuro vy’abana bavuka vyaragabanutse ku rugero rutari rumenyerewe mw’ico gihugu mu myaka cumi irangiye ku buryo ngo basanga abagore bose bo mw’ico gihugu hakozwe ibiharuro bisanga umwumwe aronka umwana umwe n’ibice 79 kw’ijana (1,79).

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments